Donald Trump: Aba-hacker banditse ko uno yahoze arongoye US yapfuye kuri konte ya X y’umuhungu wiwe – BBC

A chronicle of Donald Trump's Crimes or Allegations

Donald Trump: Aba-hacker banditse ko uno yahoze arongoye US yapfuye kuri konte ya X y’umuhungu wiwe – BBC

Ahavuye isanamu, Getty Images
Konte ya Donald Trump Jr, umuhungu wa Donald Trump yahoze arongoye Amerika, kuri X – iyahoze ari Twitter – yanditseko ko se wiwe yapfuye, mu rukurikirane rw’ubutumwa bwashizweko n’umu-hacker ejo ku wa gatatu.
Muri ubu butumwa ubu bwamaze kuvanwa kuri uru rubuga, iyi konte yavuga ko se wiwe yapfuye, ica ishirako n’ibitutsi vy’ivanguraruhu kuri Perezida Joe Biden.
Ubu butumwa bwamaze ikiringo kidashika isaha kuri iyi konte ikurikiranwa n’abantu imiriyoni cumi, mu nyuma burafutwa.
Ishirahamwe rya Trump, Trump Organization, rivuga ko iyi konte yinjiwe n’abagizi ba nabi.
Bumwe muri ubu butumwa bwavuga uku: "Ndi n’umubabaro mwinshi wo kumenyesha ko data Donald Trump yasandavye. Ni jewe nzoca nitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu 2024”.
Ubundi nabwo bwavuga ko Korea ya Ruguru “iri hafi yo kurimbuka”, mu gihe ubundi nabwo bwavuga ibijanye n’ “inzandiko” zahanahanywe na Jeffrey Epstein yagiriwe n’icaha c’ubusambanyi.
Hari ubundi bwavugamwo Richard Heart afise uruhara mu kwamamaza amafaranga nyabwonko (crypto-monnaie/cryptocurrency) ahanganye n’ivyaha vya magendo yagirizwa n’umurwi ujejwe ivyo kuvunja amahera (Securities and Exchange Commission), hamwe na Logan Paul azwi cane mw’ikoreshwa ry’urubuga rwa YouTube.
Ubu butumwa bwatanguye kuzunguruka isaha zibiri z’igitondo, ni ukuvuga isaha umunani mu masaha ya Gitega na Kigali.
Ahavuye isanamu, Donald Trump Jr/X
Ubu butumwa bwo kuri konte ya Donald Trump Jr kuri X bwavuga ko se wiwe yapfuye
Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango
Inkurikirane
End of podcast promotion
Se wiwe yaciye acisha ubutumwa butandukanye n’ubu ku rubuga rwiwe Truth Social mu gihe konte y’umuhungu wiwe nayo yariko itangaza ko yapfuye.
"Konte ya Donald Jr yinjiwe n’abagizi ba nabi”, niko Andrew Surabian, umuvugizi wa Trump Jr, yanditse kuri X, aca yongerako y’uko ubwo butumwa bwagaragara neza ko bwari “ikinyoma”.
Kuva ico gihe, Trump Jr yanditse kuri X yahoze yitwa Twitter, ariko ntiyigeze avuga ivy’uko konte yiwe yinjiwe n’abagizi na nabi uretse “kwemeza” (like) ubutumwa bwa Twitter buvuga ko yinjiwe n’abagizi ba nabi.
X isabwe kugira ico ibivuzeko, haciye hasohoka inyishu ivuye mu gisata kijejwe kumenyesha amakuru muri iyi kompanyi buvuga ngo: "Ubu nta mwanya dufise, muragaruka hanyuma”.
Trump Jr abandanya akoresha uru rubuga rwa Elon Musk.
Urubuga hwaniro Truth Social rwatangujwe na se wiwe, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, inyuma y’aho konte yiwe kuri X ihagarikiwe mu 2021 kubera yashobora gukokeza imishamirano. Yagiye gusubira kwugururwa mu kw’icumi na rimwe guheze.
Musk yigaruriye Twitter muri Gitugutu (10) 2022 ayiguze imiriyaridi 44 z’amadorari y’Abanyamerika maze aca ayita X.
© 2023 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi

source