US:Umushikirizamanza Jack Smith asaba umucamanza gutegeka Donald Trump guceceka – BBC

A chronicle of Donald Trump's Crimes or Allegations

US:Umushikirizamanza Jack Smith asaba umucamanza gutegeka Donald Trump guceceka – BBC

Ahavuye isanamu, EPA
Donald Trump yavuze ko abashikirizamanza bashaka kumwaka uburenganzira bwiwe bwo kuvugira ku mugaragaro mu mwidegemvyo.

Umushikirizamanza agira amatohoza ku kwivanga mu matora ya Amerika kwa Donald Trump yasavye umucamanza kumutegeka guceceka, gutyo ntasubire kugira ico avuze ku mugaragaro cerekeye urwo rubanza.
Ivyo umushikirizamanza Jack Smith asaba vyerekana ko ingingo isubiwemwo neza yoshobora kubuza ko ivyabona biterwa ubwoba.
Trump yasubije ku mbuga hwaniro, yagiriza umugwi urongowe na Smith kwitwara nabi, mu kwandika:"Ntibazondeka ngo MVUGE?"
Yavuze ko ata caha yakoze kijanye no guhindura ivyavuye mu matora yo mu 2020.
Ivyo bisabwa vyashizwe ahabona na Tanya Chutkan wa sentare y'akarere, bikaba vyari vyasabwe indwi imwe imbere y'aho. Biri mu rukurikirane rw'inyandiko z'ubutungane z'igihe kirekire zerekeye urwo rubanza zashizwe ahabona ku musi wa gatanu.
Abashikirizamanza bavuga ko ingingo basaba – batigeze bavuga ko "itegeka guceceka" – ari iyo " kugabanya cane ibivugwa" ikenewe mu kwirinda ibihuha, guterwa ubwoba hamwe no "kubangamira" urwo rubanza.
Mu gihe iyo ngingo yokwemezwa, ishobora kubuza Trump kugira amatangazo "yerekeye umwirondoro, ivyavuzwe hamwe n'ukuri kw'ivyabona" hamwe "n'amatangazo avuga nabi, aturira canke y'iterabwoba ku ruhande urwo ari rwo rwose, yaba icabona, umushingwamanza canke abakozi ba sentare."
Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango
Inkurikirane
End of podcast promotion
Ntibibuza Trump kuvuga ibisanzwe biri mu nyandiko zo ku mugaragaro za sentare canke kuvuga ko yera.
Ikintu cose cobuzwa uwo yahoze ari prezida kijanye n'uburenganzira bwiwe bwo gushikiriza iciyumviro, cane cane ko ariko ariyamamariza kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu 2024, gishobora gutuma hitabazwa sentare.
Mu ndwi iheze, abashingwamanza ba Trump barandikiye umucamanza Chutkan, bamwagiriza kugira aho yegamiye mu rubanza rwa Trump, banamusaba kuruvamwo.
Ntibizwi ryari azofata ingingo kuri ivyo vyose yasabwe.
Kuri Truth Social, urubuga rwa Trump, ku musi wa gatanu yanditse:"Ndiko ndahiganirwa ikibanza ca prezida n'umuntu ata co ashoboye yahaye ibigwanisho DOJ & FBI ngo biruke k'uwo bahanganye muri politike, & nkaba ntemerewe kugira ICO MVUZE?
"Barabesha, bakankurikirana ariko ntibanyemerere KUVUGA?"
Inyuma y'aho gato, ariko arasangira n'umugwi Concerned Women for Amerika i Washington DC, yavuze ko abashikirizamanza bashaka kumwaka uburenganzira bwiwe bwo kuvugira ku mugaragaro mu mwidegemvyo.
"Aba bantu baragwaye, bashaka kuncecekesha kubera ntashobora kubemerera kubacecekesha.
"Ariko uvyihweje neza, ntibarondera jewe, barondera mwebwe, kandi ndababereye intambamyi," uko ni ko Trump yabwiye abagore 300 b'abakristu b'aba conserbateur.
© 2023 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi

source